Uko wahagera

ONU Isaba Abanyesudani Gushigikira Umushikiranganji Hamdok


Abdallah Hamdock, Umushikiranganji wa mbere wa SudanI
Abdallah Hamdock, Umushikiranganji wa mbere wa SudanI

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU, Antonio Guterres yasavye ku musi wa gatatu abanyasudani gushigikira, umushikiranganji wa mbere yasubijwe mu mabanga yiwe, Abdalla Hamdok, kugira igihugu gishobore kugira amahoro mu kiringo mfatakibanza kizoshikana kuri demokrasi y'ukuri.

Guterres yabwiye abamenyeshamakuru ko yumva ishavu ry’abanyasudani ryerekeye kudeta y’igisirikare yageramiye amasezerano yerekeye ikiringo mfatakibanza gishikana kuri demokrasi yari yapfunditswe n’uko badashaka ko kigira uruhara mu nyishu iyariyo yose ku bibazo biri mu gihugu cabo.

Yamara asaba ko bakoresha ubwenge bakabona ko naho ibintu bitari uko bavyifuza, uko ibintu bimeze muri iki gihe bishobora gutuma haba ikiringo mfatakibanza kizoshikana kuri demokrasi.

Guterres avuga ko ishirahamwe ONU ryakoze ibishoboka vyose kugira rihoze umushikiranganji wa mbere. Amenyesha ko kuri we ari intsinzi ikomeye kubona yararekuwe akagaruka mu mabanga yiwe mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Umuyobozi w’urwego nyobozi rw’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat yifatanije na Guterres mu kuvuga ko uwo muryango ubandanya gusaba umushikiranganji wa mbere n’igisirikare kwumvikana n’abaharanira inyungu z’abanyagihugu hamwe n’abaserukira imigambwe mu gihugu kugira bashobore kurangiza ikiringo mfatakibanza. Bitegekanijwe ko mu kiringo c’amezi 18 haba amatora mu gihugu mu bisanzwe. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG