Uko wahagera

ONU: Imyaka 75 Inteko Zishinzwe Gucungera Umutekano Zishizweho


Inteko za ONU zishinzwe gucungera umutekano
Inteko za ONU zishinzwe gucungera umutekano

Italiki y'uno musi ni iy'ukwibuka imyaka 75 irangiye inteko z'ishirahamwe ONU zijejwe gucungera umutekano kw'isi zishizweho.

Mu kiringo c’imyaka 75 irangiye, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryararungitse inteko zijejwe gucungera umutekano zirenga imiliyoni 2 gufasha ibihugu bitandukanye vyo kw’isi kuva mu ntambara. Izo nteko zaragize akamaro kaboneka mu bihugu nka Liberiya na Kamboje. Yamara zararaniwe mu bikorwa vyazo mu bihugu vya Yugoslaviya n’u Rwanda.

Muri iki gihe, izo nteko zihanganye n’ibibazo bishasha mu bice ziriko zikoreramwo, harimwo intambara zitera zikomera kurushiriza, n’amakungu yiciyemwo ibice mu bituma zidashika ku migambi yazo.

Mu gihe ishirahamwe ONU, uno musi ku wa kane, rihimbaaza imyaka 75 irangiye inteko zijejwe gucungera umutekano zayo zishizweho, hategekanijwe ibikorwa vy’ukwibuka inteko zayo zirenga 4,200 zapfuye kuva mu mwaka w’i 1948. Ni igihe urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi rwafata ingingo yo kurungika indorerezi z’igisirikare mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi gukwirikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’uguhagarika intambara hagati ya Isirayeri n’Abarabu.

Mu butumwa yatanze, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres, yavuze ko inteko zijejwe gucungera umutekano zerekana ukwiyemeza gukomeye kwa ONU ku vyerekeye gutuma amakungu arangwa n’amahoro kurushiriza. Ibikorwa vyo gucungera umutekano vy’ishirahamwe ONU vyaragutse kurushiriza. Muri iki gihe, inteko zigera ku 87,000 zikorera mu bice 12 birimwo intambara muri Afrika, Aziya, Uburaya, no mu buseruko bwo hagati bw’isi. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG