Uko wahagera

Ni nde Yishe Nyakwigendera Kizito Mihigo?


Kizito Mihigo
Kizito Mihigo

Abagenzi n’abakunzi ba nyakwigendera Kizito Mihigo basaba ko haba itohoza ryigenga kugira haboneke inyishu ku camwishe igihe yari mu gasho k’igiporisi mu Rwanda mu kwezi kwa kabiri.

Mu gihe abategetsi b’u Rwanda bavuze ko Kizito Mihigo yiyahuye, abanywanyi biwe bemeza ko yishwe kubera ivyiyumviro vyiwe vya poritike. Bavuga kandi ko igiporisi kitatanze ivyemeza bifadika vy’ivyo cashikirije.

Mihigo yahawe agashimwe mpuzamakungu kitiriwe Vaclav Havel ku buhinga bwiwe bwo kwihangira, aba uwa mbere kw’isi mu baharanira uburenganzira bwa muntu ahawe ako gashimwe yaramaze kwitaba Imana.

Gary Kasparov, arongoye umuryango wita ku gateka ka zina muntu, Human Rights Foundation, wahaye agashimwe Kizito Mihigo mu kwezi kw’icenda guheze, avuga ko aka atari akaryo ko kugandarira Kizito, ariko ari uguhimbaza ubuzima bwiwe, ubuhinga bwiwe bwo kuririmba, hamwe n’umwete yari afise wo kubaho ubuzima burangwa n’ukuri.

Nawe Delphine Uwituze ahagarariye umuryango KMP wasizwe na Mihigo, yavuze ko banezerewe kuko isi yose ishima ibikorwa nyakwigendera yakoze. Uwituze yarokotse jenoside yakorewe Abatutsi yabaye mu Rwanda mu 1994, yavuze ko agashimwe Kizito yahawe kazoshigikira intumbero yari yarihaye yo guharanira amahoro n’ubwiyunge bw’ abanyarwanda.

Mihigo yapfuye kw’itariki 17 z’ukwezi kwa kabiri, inyuma y’imisi ine ahagaritswe n’igiporisi c'u Rwanda hafi y’urubibe ruhuza ico gihugu n’Uburundi. Igiporisi ico gihe camwagirije ko yagomba kujabuka umupaka no kuja kwifatanya n’abaroberi.

Raporo yasohowe n’umushikirizamanza mukuru w’u Rwanda yavuze ko urupfu rwa Mihigo rwatewe n’uko yabuze impwemu kandi yatowe yimanitse akoresheje ishuka.

Lewis Mudge, umuyobozi wa Human Rights Watch ku mugabane wa Afrika, yavuze ko yavuganye na Mihigo mu misi y’imbere yuko afatwa. Mudge yavuze ko Mihigo yari afise ubwoba bw’uko ashobora gufungwa aca atangura umugambi wo guhunga. Yavuze ko iyo raporo y’ubutegetsi bw'u Rwanda y’uko yiyahuye iteye amakenga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG