Uko wahagera

Nijeriya: Igitigiri c'Abahitanywe n'Inyubakwa Yasenyutse Kiriyongera


Inyubakwa yasenyutse muri Nijeriya
Inyubakwa yasenyutse muri Nijeriya

Muri Nijeriya, igitigiri c’abaguye mw’isanganya ry’inyubakwa yasenyutse kigeze kuri 36, mu gihe abandi barenga 50 bataratorwa. Umutegetsi ajejwe ibikorwa vyo gutabara mu buryo bwihutirwa yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, AP, kw’iyindi mivyimba y’abantu 15 yatowe ejo ku musi wa gatatu, mu kibanza iyo nyubakwa yasenyukiyemwo.

Abo bantu biyongera ku bandi 2 bari bamaze kumenyekana ko baguye muri iryo sanganya. Kuri uyu musi ugira kane w’utwigoro two kurondera abo barokotse, imiryango yihebuye yari yatonze imirongo imbere y’ico kibanza, itakambira abajejwe umutekano ngo bayireke ifashe mu gikorwa co kurondera abayo.

Iyo miryango yasa n’iyitumva amategeko y’abajejwe umutekano bitwaje inkoho, baguma bayirinda, bayibuza kwegera ico kibanza. Gushika ubu, nta muntu n’umwe aratorwa akiri muzima kuva ku musi wa kabiri, igihe abantu icenda bakurwa mu bisigarira vy’iyo nyubakwa bakiri bazima.

Iyo nyubakwa y’amagorofa 21 yasenyutse ku musi wa mbere. Igitigiri nyakuri c’abantu bari muri yo igihe yasenyuka, ntikizwi, yamara abakozi bahakorera bibaza ko boba bashika 100. Ivyo bivuga kw’abantu 55 gushika ubu, bataratorwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG