Uko wahagera

Nijeriya: Abanyeshure 28 bari mu 121 Bari Banyurujwe Barekuwe


Bamwe mu banyeshure bigeze kurekurwa muri Reta ya Katsina

Abana b’abanyeshure 28 bari banyurujwe mu ntango z’uku kwezi n’abitwaje ibirwanisho babakuye kw’ishure ryisumbuye ryitwa Lycée Baptiste Bethel riri muri Reta ya Kaduna iherereye mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya barekuwe.

Uwutwara iryo shure yemereye ano makuru itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, yabwiye ko abarekuwe bamaze gushikirizwa imiryango yabo. Abanyurujwe muri rusangi bari 121 bafise hagati y’imyaka 10 na 19.

Aba 28, baje biyongera ku bandi 5 bari bamaze kuva mu vyara vy’abo bagizi ba nabi: 3 muri abo, batorotse bagiye kurondera inkwi bari batumwe, abandi babiri batabarwa n'igiporisi, abasigaye bose baracari mu minwe y’ababanyuruje.

Ishure ryisumbuye rya Baptiste Bethel ryasiguye ko aba babohojwe hari amafaranga arinze gutangwa. Ryanse yamara gutanga igitigiri c'amafaranga yatanzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG