Uko wahagera

Ngo Laurent Gbagbo Yoba Ari Hafi y’Ukuva ku Butegetsi


Prezida Laurent Gbagbo
Prezida Laurent Gbagbo

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu c’Ubufransa, Alain Juppe, yavuze ko Laurent Gbagbo ari hafi cane y’ukuva ku butegetsi, akarekurira Alassane Ouattara gushikira amabanga y’ukuyobora igihugu ca Cote d’Ivoire

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu c’Ubufransa, Alain Juppe, yavuze ko Laurent Gbagbo ari hafi cane y’ukuva ku butegetsi, akarekurira Alassane Ouattara gushikira amabanga y’ukuyobora igihugu ca Cote d’Ivoire.

Ubufransa n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, bishaka urwandiko rwa Gbagbo ruhumuriza ko azova ku butegetsi.

Abategetsi b’ishirahamwe ry’ibihugu vy’ibihugu vya Afrika bavuga ko Gbagbo yabwiye prezida w’igihugu ca Mauritania, Mohamed Ould Abdel Aziz ko yitaguriye gushikiriza ubutegetsi n’ukwemera Alassane Ouattara mu mabanga ya prezida w’igihugu ca Cote d’Ivoire. Ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, mu ncamake, C-E-D-E-A-O, ryatangaje ko rizokora ibishoboka kugira riboneko Gbagbo yahungiye mu kibanza kitamenwa kiri mu kuzimu avuye ku butegetsi mu buryo burimwo icubahiro.

Abagwanyi bashigikiye Ouattara, baragwanye mu mwanya mutoyi n’inteko zishigikiye Gbagbo ku musi ugira uwa gatandatu mu gisagara ca Abidjan imbere yuko umukuru w’igisirikare ca Gbagbo, Phillipe Mangou, asaba ihagarikwa ry’ingwano avuga ko bizofasha abasivile n’abasirikare hamwe na Gbagbo, umuryango wiwe n’abagize Leta yiwe.

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ryatangaje ko inteko zaryo zijejwe gucungera umutekano zizokingira abagize igisirikare ca Gbagbo bazoba bashize ibigwanisho hasi. Hamadoun Toure, n’umuvugizi w’inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe O-N-U mu gihugu ca Cote d’Ivoire. Toure yavuze ko abategetsi b’igisirikare gishigikiye Gbagbo batangaje ko bategetsi inteko zabo guhagarika ingwano zidatevye. Ngo iyo n’intambwe naiza ku vyerekeye kurangiza uruhagarara muri Cote d’Ivoire. Ngo ivyo ntivyashoboye kuba mu kiringo c’amezi atari make, ngo ako akaba ari akaryo k’uguhagarika urwo ruhagarara.

Abagwanyi bashigikiye Ouattara bagize igitero c’ugufata igisagara ca Abidjan inyuma yuko ibiganiro binaniwe gutorera inyishu uruhagarara rwa politike mu gihugu ca Cote d’Ivoire.

Prezida wa Amerika, Barack Obama yasavye Gbagbo gutanga imihoho kugira ubwicanyi n’uruhagarara bihagarare. Mw’itangazo ryanditswe ryashikirijwe ejo ku musi wa kabiri, Obama yavuze ko imisi yose ingwano ibandanya izana ububabare kurishiriza ku banya Cote d’Ivoire kandi itevye kazoza karangwa n’amahoro n’iterambere abanye Cote d’Ivoire bakwiriye.

XS
SM
MD
LG