Uko wahagera

Umuvugizi w'ugwego gw’abasirikare mu Burundi, Koroneri Gaspard Baratuza, yavuze ko ata ntambara iri mu Burundi, ariko ko abasirikare barungitswe mu birindiro barimwo mu gihe c'intambara


Umuvugizi w'ugwego gw’abasirikare mu Burundi, Koroneri Gaspard Baratuza, yavuze ko ata ntambara iri mu Burundi, ariko ko abasirikare barungitswe mu birindiro barimwo mu gihe c'intambara

Mbe se intambara yoba yasubiye kwaduka mu Burundi? Ugwego gwa gisirikare gwatangaje ko gwasubiye kurungika abasirikare mu bibanza vyahoramwo abaporisi. Mu kiganiro umuvugizi w'ugwego gw’abasirikare mu Burundi yahaye abamenyeshamakuru, Koroneri Gaspard Baratuza yavuze ko ata ntambara iri mu Burundi, ariko ko ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bumaze gusubiza abasirikare mu birindiro barimwo mu gihe c'intambara. Ivyo bibanza ni nko mu mashamba ya Kibira na Rukoko, no mu ntara ya Bujumbura, aho imigwi yagwanya reta mu myaka y'intambara yakorera cane.

Uko gusubira kurungika abasoda muri ivyo bibanza, bikozwe mu gihe amakuru yandikwa canke kandi atangazwa n’ibinyamakuru, yerekana neza ko hariho imigwi igwanya reta imaze kuvuka. Raporo y'ishirahamwe Human Rigths Watch yasohotse mu kwezi guheze, nayo nyene iremeza izo nkuru. Raporo y'ishirahamwe Crisis Group yasohotse mu ntango z'iyi ndwi, yerekana ko kuba abategetsi b'Uburundi bataganiriye n'abo batavuga rumwe ku vyerekeye umutekano, bishobora kubusubiza inyuma cane gushika no ku migwi yitwaje ibigwanisho igwanya reta.

Mu kiganiro umuvugizi wa gisirikare,Koroneri Gaspard Baratuza yahaye abamenyeshamakuru, yaremeye ko ubwicanyi bw'abantu bitwaje ibigwanisho bwabaye bwinshi, arongera avuga ko ari imigwi y'abasuma. Ubwo bwicanyi bufatiye ku kwihora n'ingorane z'amatongo. Abamenyeshamakuru bamubajije niba igikorwa bagiye gukora kitari ico abaporisi? Yishuye avuga ko bagiye kubafasha. Inkuru zishikirizwa n'ibinyamakuru ku bijanye n'umutekano, zivuga kandi ko hariho abasirikare b'abarundi bariko bafashanya n'abasoda ba Congo, mu kugwanya imigwi ivugwamwo aba FNL, ishobora kubangamira umutekano muri Congo no mu Burund. Ariko Koroneri Baratuza Gaspard arabeshuza izo nkuru ati turagenderanira tugahana n'amakuru gusa.

XS
SM
MD
LG