Uko wahagera

Netanyahu Ntiyitavye Ibirori vyo Kwimika Naftali Amusubiriye


Ifoto ya Naftali Bennett umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri na Bejamin Netanyahu avuye ku butegetsi inyuma y'imyaka 12 yari abumazeko
Ifoto ya Naftali Bennett umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri na Bejamin Netanyahu avuye ku butegetsi inyuma y'imyaka 12 yari abumazeko

Reta nshasha y'igihugu ca Israyeli yatanguye imirimo yayo uno musi ku wa mbere. Ni yo reta ya mbere mu kiringo c’imyaka 12 itayobowe na Benjamin Netanyahu. Ntiyitavye ibirori vy’ugushikiriza ubutegetsi uwamusubiriye, Naftali Bennett.

Amabanga y’umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu yarangiye icese ku musi w’Imana igihe inama nshingamateka yemeza n’amajwi 60 kuri 59 reta nshasha iyobowe na Bennett.

Ku murwa mukuru, Tel Aviv, abantu ibihumbi n’ibihumbi barakiye neza ivyavuye mu matora y’inama nshingamateka. Ni inyuma yuko ata mukandida numwe atsinze mu buryo bugaragara amatora yabaye incuro zine mu kiringo c’imyaka ibiri.

Umushikiranganji wa mbere mushasha, Naftali Bennett yiyemeje kunywanisha abanya Israyeli. Benjamin Netanyahu, afise imyaka 71 muri iki gihe, yatangaje ko azogaruka mu mabanga y’ukuyobora Israyeli vuba cane kurusha uko vyitezwe. Yabitangarije inama nshingamateka imbere yuko umushikiranganji wa mbere mushasha, Naftali Bennett arahira. Nta gishika abanyapalestina berekanye kw’ihunduka rya reta muri Israyeli.

Babona ko Bennett, yigeze kuba umushikiranganji w’ukwivuna abansi yari ashigikiye kwigarurira ibice vyo mu ntara ya Cisjordaniya, azobandanya imigambi imwe nk’iya Netanyahu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG