Uko wahagera

Naftali Bennett, Umushikiranganji wa mbere Mushasha wa Isirayeli


Naftali Bennett, arongoye umugambwe Yamina, ashikiriza ijambo abanywanyi biwe, ku cicaro c'umugambwe i Tel Aviv, kw'itariki 24/03/2021
Naftali Bennett, arongoye umugambwe Yamina, ashikiriza ijambo abanywanyi biwe, ku cicaro c'umugambwe i Tel Aviv, kw'itariki 24/03/2021

Naftali Bennett yatowe kuba umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, asubiriye Benjamin Netanyahu yari amaze imyaka 12 arongoye iyo reta y’abayahudi. Ni mu matora mu nama nshingamateka yabaye kuri uyu w’Imana.

Naftali Bennett, ni umukuru w’umugambwe muto w’aba ultranationaliste ushingiye kw’idini. Agiye kuba umushikiranganji wa mbere mu kiringo c’imyaka ibiri, aho azosabikanya ubutegetsi n’iyindi migambwe ya poritike umunani yagiye hamwe kugira irangize intwaro ya Netanyahu. Bennett yigeze kuba ku ruhande rwa Netanyahu igihe yari umushikiranganji wiwe w’ukwivuna abansi mu 2019 na 2020.

Netanyahu, yagerageje akatari gake gucanishamwo urwo runani rw’imigambwe umunani biramunanira, none baruhiye kumushira ku ruhande rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Ni mu gihe agikurikiranwa ku vyaha vya ruswa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG