Uko wahagera

Namibiya: Umushingamateka Theofelus w'Imyaka 23 Yabaye Minisitiri


Emma Theofelus
Emma Theofelus

Emma Theofelus, umushingamateka akiri muto kurusha abandi mu gihugu ca Namibiya yinjiye muri Reta.

Theofelus avuga ko prezida wa Namibiya, Hage Geinob ashira mu bikorwa ivyo avuga ko abakiri bato aribo bayobozi b’ejo hazoza.

Theofelus, afise imyaka 23 muri iki gihe, yagenywe kuba icegera c’umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru, guhanahana amakuru hamwe n’ubuhinga bwa none mu gihugu ciwe ca Namibiya. Yagenywe muri ayo mabanga indwi imwe inyuma yuko ikiza c’umugera wa Corona kigeze mu gihugu.

Bimwe mu vyo uwo mutegetsi musha ajejwe harimwo gufasha gufata iya mbere mu kubwira abanyagihugu intambwe bofata ku bijanye n’ukwirinda ikiza c’umugera wa Corona.

Emma Theofelus, yahoze aharanira inyungu z’abakiri bato, yarabaye n’umuhanuzi mu bijanye n’amategeko mu bushikiranganji bujejwe ubutungane. Amenyesha ko naho atari yiteguriye neza amabanga mashasha yajejwe muri iki gihe ategerezwa gukora atitanga.

Kuri we, guha itangazamakuru n’abanyagihugu amakuru atohojwe ku bijanye n’umugera wa Corona vyagize akamaro gakomeye cane mu kurwanya amakuru y’ibinyoma atangwa ku bijanye n’ico kiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG