Uko wahagera

Muri Somaliya Abasirikali Barashe ku Bariko Baragira Imyiyerekano


Iryo bara ryabereye ku murwa mukuru Mogadishu uyu musi ku wa gatanu inyuma y’aho ibisasu bikomeye biturikiye ku kibanza c’indege gikuru, maze abapolisi bagaca bakoresha ibimodokoa vya gisirikare mu kuzibira amabarabara makuru yariko aberako imyiyerekano.

Urwo ruhagarara rwadutse amasaha makeyi inyuma y’aho abategetsi ba reta ya Somalia hamwe n’abakuru b’imirwi irwanya ubutegesi, batangarije kw’inkoho zasanye mu micungararo yo ku kirimba kwa prezida muri iri ijoro ryakeye.

Prezida Mohamed Abdullahi Mohamed ari mu yabira muri iki nyuma yuko igenekerezo ry’umunani ry’uku kwezi kwa kabiri, amatora yari kuberako, ryarenganye ata nyishu y’ibibazo bijanye n’ukuntu amatora yotunganywa, zibonetse.

Inkoho zasanye zatanguye kwumvikana inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere, Hassan Ali Khaire atangurije imyiyerekano yo kwiyamiriza reta. Mw’ijambo yashikirije, yavuze kw’insoro zarashwe zaguye ku kibanza c’indege.

Igihe abagira imyirekano bariko barahunga, bamwe muri bagabishije reta ko ivyo bitero vyo kwihora bishobora gutuma haba ubwicanyi bukabije.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryama ryateye akamo abategetsi ba Somalia kabasaba gutorera inyishu mu buryo bwihutirwa, ibibazo biri hagati y’abanyapolitike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG