Mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi abantu bagera ku 160 ni bo bamaze gufatwa n'ingwara ya cholera mu kiringo c'ukwezi.
Mw’itangazo ryanditse mu rurimi rw’ikirundi umukuru w'igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa yemeje ko ku musi ku musi hakirwa abantu bari hagati ya bane na batanu bagwaye cholera.
Uduce tubangamiwe kurusha utundi ni amazone ya Kanyosha mu bumanuko, Buyenzi hagati na hagati hashira uburengero, hamwe na Buterere na Cibitoke mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.
Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bumenyesha ko bwamaze gufata ingingo zimwe zimwe kugira ico kiza gituzwe.
Ubu hari imiduga irimwo ibinyamajwi yirirwa irakwiragira mu ma karitiye itanga ubutumwa bw’ukuntu abantu bokurikiza amabwirizwa y’isuku. Izindi ngingo zafashwe n’ukubuza urucuruzwa rw’imfungurwa mu bibanza bihurimwo abantu benshi nk’ama parking n’ahandi, hamwe n’urudandazwa rw’amazi yo mu tumwanya.
N’amazu y’uburiro ngendanwa nayo nyene yugawe. Igisagara ca Bujumbura canabujije kandi ikoreshwa ry’amazi y’inzuzi. .
Facebook Forum