Uko wahagera

Mu Burusiya Impanuka y'Indege Yahitanye 16 Ikomeretsa 7


Idege yo mu bwoko bwa, L-410 Turbolet, yagize insanganya
Idege yo mu bwoko bwa, L-410 Turbolet, yagize insanganya

Mu Burusiya impanuka y’indege yo mu bwoko bwa, L-410 Turbolet, yahitanye abantu 16 ikomeretsa 7. Iyo ndege yakorotse igeze mu karere kitwa Tatarstan.

Ubushikiranganji bwo gutabarana muri ico gihugu bwatangaje ano makuru buvuga ko abantu 23 ari bo bari bayirimwo. Ubwo bushikiranganji bubandanya buvuga ko muri ndwi bakometse, umwe gusa ari we aremvye.

Naho Uburusiya bwateje imbere, amategeko ajanye n’ivy’umutekano wo mu kirere biciye mu gusuzuma cane utunenge tw’indege, muri ico gihugu zirakunze kugira impanuka. Mu kwezi guheze, isanganya y’indege yo mu bwoko bwa Antonov yahitanye abantu 6, iyindi yakorotse mu kw’indwi nayo ihitana ingenzi 28 zose zari ziyirimwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG