Uko wahagera

Mu Burundi Umurwi CNIDH Uriyamiriza Abahungabanya Umutekano


Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, CNIDH, uriyamiriza ibikorwa vyo guhungabanya umutekano bimaze iminsi vyibonekeza mu gihugu. Uwo mugwi uvuga cane cane ibitero vy’amagerenade mu gisagara ca Bujumbura n’imitego ku mabarabara vyahitanye abantu barenga 10, abandi barenga 100 bagakomereka mu kiringo c’indwi ziri. Uwo mugwi ubona ko ababikora bagamije kwereka amakungu ko igihugu casubiye mu gihe c’intambara.

Mu kiganiro Sixte Vigny Nimuraba atwara CNIDH yahaye abamenyeshamakuru i Bujumbura, iruhande yo gubitera ivyatsi, yemeje ko abantu basigaye bari mu bwoba budasanzwe batinya ko umwanya uwo ari wo wose, bashobora guterwa amagerenade n’abantu bataramenyekana. Asaba inzego z’umutekano kurikanura.

Uwo murwi wikeka ko abakora ubwo bwicanyi ari abanyepolitike bahunze igihugu. Yamara, ukavuga ko hashobora kuba harimwo no kwihorahorana kubera ubutungane budakora neza.

Umushikirizamanza kizigenza wa Republika aheruka kudoma urutoke kuri abo banyepolitike umurwi CNIDH wikeka ko bari inuma y’ibitero vy’amagerenade cane cane mu gisagara ca Bujumbura.

N’aho biri uko, bamwe mu bagirijwe nk’indongozi z’umugabwe MSD utavuga rumwe na reta, Francois Nyamoya umunyamabanga mukuru wawo yarabihakanye.

Nyamoya, co kimwe n’abandi batatu barimwo Alexis Sinduhije atwara umugambwe MSD na Marguerite Barankitse atwara kandi yashinze ikigo Maison Shalon gifasha impfuvyi, Uburundi buheruka kubarungikira imitahe mpuzamakungu yo kubafata.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika na ryo nyene ririyamiriza ivyo bitero. Mw’itangazo yasohoye, Moussa Faki Mahamat atwara komisiyo y’Ubumwe bwa Afrika asaba amakungu gufasha kugira abakora ubwo bugizi bwa nabi, abategetsi bafata ko ari iterabwoba, bafatwe, babihanirwe.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:03 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG