Uko wahagera

Mu Burundi Hemejwe Abagize Sentare Yubahiriza Ibwirizwa Nshingiro


Inyubako ya Sentare yubahiriza Ibwirizwa Nshingiro mu Burundi

Kuri uyu wa gatatu inama nkenguzamateka y'Uburundi yemeje abantu bashasha bagize sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro. Umukuru wayo mushasha ni Valentin Bagorikunda yahoze ari umushikirizamanza kizigenza wa Republika nayo icegera ciwe ni Emmanuel Miburo yahora ari umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Reta ya prezida Pierre Nkurunziza mu kiringo co kuva muri 2015 kugera muri 2020.

Abemejwe bose bari batanzwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Mu kibanza c’umukuru wa sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro hari haje izina rya Valentin Bagorikunda nayo icegera ciwe prezida yari yifuje ko kiba Emmanuel Ntahomvukiye.

Uwa mbere ni umuhutu aturuka mu ntara ya Bubanza mu burengero bw’Uburundi akaba ubu yatwara ikigo ONPR kijejwe guteganiriza akazoza abakozi ba Reta akaba yanabaye umushikirizamanza kizigenza wa Republika.

Uwa kabiri ni umututsi wo mu ntara ya Gitega hagati na hagati mu gihugu c’Uburundi. Uwo yahora muri Reta ya nyakwigendera Pierre Nkurunziza mu kiringo co kuva muri 2015 kugera muri 2020 akaba yabaye umusivire wa mbere yasubiye kuba umushikiranganji w’ukwivuna abansi mu Burundi inyuma y’imyaka irenga 40.

Iruhande y’aba, hari abazosasa nk’abacamanza bamaho bakaba ari Jeanne Habonimana wo muri komine Rusaka, intara ya Mwaro, Liboire Nkurunziza wo muri Buraza i Gitega hagati na hagati hamwe na Salvator Ntibazonkiza aturuka mu kanyosha ka Bujumbura mu burengero.

Abo bagabo babiri ni abahutu mu gihe uwo mukenyezi ari umututsikazi.

Abacamanza ba sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro bazosasa batamaho nabo ni Bede Mbayahaga, umututsi wo muri Butaganzwa mu Ruyigi mu buseruko hamwe na Jean Pierre Amani wo mu Buhinyuza bwa Muyinga mu buraruko bushira ubuseruko.

Jeanine Nibizi, umushikiranganji w’ubutungane yari yajanye amazina yabo mu nama nkenguzamateka ku mugwa mukuru wa politike Gitega yavuze ko umukuru w’igihugu yabashimye ukuba ari abacamanza ataho bahengamiye, yongeyeko ko basanzwe bafise akarangamutima ko gukunda igihugu.

Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kuva muri 2010 iragirizwa n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi n’amwe mu mashirahamwe yigenga kuba igikoresho c’umugambwe uri ku butegetsi.

Mu majambo make, Maitre janvier Hakizimana atwara ishirahamwe Tournons la Page Burundi yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ata kintu kinini abantu bokwitega ku mugwi mushasha uyigize bitewe n’uko umukuru wawo mu mabanga yaramukijwe muri kahise ata kindi yakoze atari ugukingira inyungu z’umugambwe CNDD FDD n’uguhirika amategeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG