Uko wahagera

Mozambike: Abateshejwe Izabo n'Intagondwa Barenze Ibihumbi 40


Bamwe mu bateshejwe izabo muri Mozambike
Bamwe mu bateshejwe izabo muri Mozambike

Abantu ibihumbi 40 barenga bateshejwe ingo zabo n’igitero cagizwe mu kigwati ca Palma mu buraruko bushira ubuseruko bwa Mozambique.

Abateshejwe ingo zabo n’igitero cakozwe mu kigwati ca Palma mu buraruko bushira ubuseruko bwa Mozambique, barakeneye imfashanyo y’ibifungurwa yihutirwa.

Inyuma y’indwi zine habaye igitero c’abagwanyi b’intagondwa muri Palma camaze ikiringo c’imisi itanu, ivyahononekariye biracatohozwa. Amashirahamwe ajejwe gutabara imbabare abandanya kugerageza gufasha abantu ibihumbi n’ibihumbi gusubira mu buzima busanzwe.

Naho ibitero vyahagaze, ikigwati ca Palma kibandanya kwibonekeza ko kidatekanye. Ikinyamakuru Cabo Ligabo gikurikiranira hafi ibiba muri ako karere, gitangaza ko abagwanyi bagifise uburyo bwo kubandanya bakora ibitero mu kanya gatoyi, bagaca bahunga. Imiryango ibihumbi n’ibihumbi irabandanya guhunga, mu gihe kandi isaba guhungishwa n’indege.

ONU itangaza ko abantu bashika ku bihumbi 700 bamaze guteshwa ingo zabo abantu ibihumbi bibiri amajana atandatu nabo, bamaze kwicwa n’abo bagwanyi b’intagondwa.

Igisirikare ca Mozambique gitangaza ko kimaze kwica abagwanyi 36. Camenyesheje kandi ko mu bishwe harimwo umukuru wabo bagwanyi azwi kw’izina rya Ayub, yishwe mu gitero, igisirikare cakoze ku musigiti mukuru w’ico gisagara aho abo bagwanyi bari binyegeje.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG