Uko wahagera

Minisitiri w'Imigenderanire wa Zimbabwe Yishwe na Covid 19


Nyakwigendera Sibusiso Moyo
Nyakwigendera Sibusiso Moyo

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'igihugu ca Zimbabwe, Sibusiso Moyo yitavye Imana ahitanywe n'ikiza ca Coivid-19 muri iki gihe ico kiza kibandanya kwiha inkumbi.

Sibusiso Moyo yamenyekanye cane mu mwaka w’i 2017 igihe yatangaza kuri televiziyo kw’akuye ku butegetsi Prezida Robert Mugabe. Yari umusirikare mukuru w’intwazangabo w’ipete rya jenerali.

Reta ya Zimbabwe yatangaje uno musi ku wa gatatu ko yitavye Imana ahitanywe n’ikiza ca Covid-19. Yari afise imyaka 61.

Umuvugizi wa Prezida, George Charamba yatangaje ko Moyo yasandabiye mu bitaro vyo ku murwa mukuru, Harare.

Yari yagenywe mu mabanga y’umushikiranganji ajejwe imigenderanire inyuma y’uko Prezida Emerson Mnangagwa afashe ubutegetsi ashigikiwe n’igisirikare.

Ibitigiri vy’abandura umugera wa Covid-19 muri Zimbabwe vyasubiye kwiyongera cane.

Hari ubwoba ko ubwoko bushasha bw’umugera wa Covid-19 bwadukira cane bwatandukiye ico gihugu buvuye muri Afrika y’epfo.

Reta yatangaje ko iriko irakora ibipimo kugira yemeze ko ubwo bwoko bumaze gushika mu gihugu.

Nta ncandago z’ukwikingira ikiza ca COVID-19 reta Zimbabwe iraronka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG