Uko wahagera

Maroc: Imyuzure Yahitanye 24 Bakorera Uruganda Rutemewe n'Amategeko


Ifoto y'igisagara ca Tangier

Abakozi 24 b’uruganda rutemewe n’amategeko rukora impuzu muri Maroke bahitanywe n’imyuzure y’imvura uno munsi kuwa mbere. Cumi mu bakorera urwo ruganda ni bo bonyene bamaze gutabarwa.

Igitigiri c’abari muri iyo nzu yubatswe mu kuzimu igihe iyo myuzure yateye ntikirashobora kumenyekana. Abategetsi bo mu gisara citwa Tangier ibi vyabereyemwo bavuze ko ata wari azi ko aho hantu hari urwo ruganda. Amatohoza aja yatanguye nkuko babisiguye.

Igisata kijejwe ivy’ubucuruzi muri Maroke kivuga ko ica gatatu c’abanyemaroki bakora ubuzi bwo mu gifuri butemewe n’amategeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG