Uko wahagera

Mali: Umusirikare w’Umufaransa Yaranyurujwe n’Abarwanyi b'Umurwi wa Jihad


Umusirikare w'Umufaransa mu ndege ya kajugujugu hejuru y'umujyi wa Gao aho uwo mumenyeshamakuru yakoreraga
Umusirikare w'Umufaransa mu ndege ya kajugujugu hejuru y'umujyi wa Gao aho uwo mumenyeshamakuru yakoreraga

Umukuru w’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru ataho bimiriwe, Reporters Without Borders, yatangaje kw’abarwanyi b’umurwi Jihadi banyuruje umumenyeshamakuru w’Umufaransa, Olivier Dubois kw’igenekerezo ry’umunani ry’ukwezi kwa kane, aho yariko arakorere mu gisagara ca Gao kiri mu buraruko bwa Mali.

Amasanamu ya video yashizwe ahabona uyu musi ku wa gatatu, arerekana Dubois ariko avuga ko yanyurujwe n’umurwi ukorana n’umurwi w’intagondwa, al- Qaida, witwa JNIM. Muri ayo masanamu, aratera akamo umuryango wiwe, abagenzi hamwe n’abategetsi, kabasaba gukora ibishobotse vyose kugira ngo arekurwe. Ayo masanamu ya video ntarashobora kwemezwa n’ikinyamakuru cigenga.

Christophe Deloire, umukuru w’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru ataho bimiriwe, Reporters Without Borders yabwiye itorokanirizo ry’amakuru Associated Press kw’ayo makuru ar’amakuru y’imvaho, yongera aratera akamo gasaba kw’uyo mumenyeshamakuru arekurwa.

Dubois yari yagiye kurondera amakuru mu gisagara ca Gao mu buraruko bw’igihugu ca Mali kw’igenekerezo ry’umunani ry’ukwezi kwa kane, hanyuma ntiyatahuka kw’ihoteli yabamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG