Uko wahagera

Macron: Amakungu Akwiye Guha Uburusiya Umurongo Ntarengwako


Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin na Mugenzi wiwe w'Ubufaransa Emmanuel Macron
Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin na Mugenzi wiwe w'Ubufaransa Emmanuel Macron

Prezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron avuga ko amakungu yari abwirijwe gushiraho umurongo utukura Uburusiya butabwirijwe kurengako, bwaramuka buwurenze bugahanwa vy’akarorero.

Mu kiganiro Prezida Macron yahaye imboneshakure nyamerika, CBS, yavuze ko ubu ari bwo buryo bwonyene bwo kugarukana ku murongo Uburusiya. Uwo mutegetsi muri ico kiganiro yashimangiye ko ibihano bihabwa Uburusiya vyonyene bidakwiye, gutyo agasanga vyari bibwirijwe guherekezwa n’izindi ngingo zikarishe.

Muri ico kiganiro na CBS, Macron yavuze ko yemeranya na Prezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, Joe Biden, ku ciyumviro ciwe c’uko hakenewe ibiganiro hagati y’amahanga na Prezida w’Uburusiya Vladmir Putin.

Amajambo ya Macron aje akurikira ibihano Amerika yafatiye Uburusiya ku wa kane w’indwi iheze, ibwagiriza kwivanga mu matora yabwo yo mu mwaka uheze no kuba bwarakoze ibitero bitandukanye ku buhinga bwa none bw’ibigo vya Reta y'Amerika, bugerageza kwiba amabanga yayo.

Mu bihano Amerika yafatiye Uburusiya, harimwo ukwirukana abadiplomate 10 b’ico gihugu ku butaka bw’Amerika. Uburusiya nabwo bwahavuye ku wa gatanu busubiriza mu ndumane Amerika, bwirukana abadipolmate bayo 10, bwongera busaba ambasaderi w’Amerika gusubira gato i Washington, akavugana n’inzego zimukurira.

Ibihano Amerika yafatiye Uburusiya ni vyo vya mbere bikarishe kuva icuka catangura kuba kibi hagati ya Amerika n'Uburusiya. Icuka kiri hagati y'Amerika n’Uburusiya ni co kandi kibi kurusha ibindi vyose vyahabaye kuva mu 1989.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG