Uko wahagera

Amerika Yiteguriye Gutangaza Ibihano ku Burusiya


Prezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika na Mugenzi wiwe w'Uburusiya
Prezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika na Mugenzi wiwe w'Uburusiya

Reta zunze ubumwe z'Amerika ziteguriye gutangaza ibihano ku Burusiya zagiriza kuba bwarivanze mu matora yazo. Hambavu y’uko kwivanga mu matora, Amerika ivuga kandi ko Uburusiya bwakoze ibitero vy’uburyo bwa none, Cyberattack, bw’ama sosiyete nyamerika aharurwa mu majana n’ibigo vya Reta bitari bike birimwo Ubushikiranganji bw’umutekano, ubw’ubutunzi, ubw’ubutungane, n’ubw’amasoko ntanganguvu.

Ibigo vya Reta y’Amerika bijejwe umutekano n’iperereza vyavuze ko vyamenye amakuru y’ivyo bitero vy’agasakisaki ku buhinga bwa none bw’ivyo bisata mu mwaka uheze. Mu mashirahamwe yagirizwa kuba yarafashije Uburusiya kubikora, harimwo iryitwa, SolarWinds, rikorera mu vy’ubuhinga bwa none rikaba rifise icicaro muri Reta ya Texas.

Itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, White House, rigaruka kuri iki kibazo rivuga ko mu ntango z’ino ndwi, Perezida Joe Biden yahamagaye kuri terefone mugenzi wiwe w’Uburusiya, Vladimir Putin, amubwira ko Amerika yiteguriye gufata ingingo zikarishe mu ntumbero yo gukingira umutekano w’igihugu n’abanyagihugu bayo.

Abakurikiranira hagufi ino dosiye bavuze ko ivyo bihano bishobora gutangazwa kuri uno wa kane, bigashobora kuza kuba birimwo ivy’ubutunzi no kwirukana bamwe mu barusiya bari ku butaka bw’Amerika.

Ibi bihano bizoba bije kwiyongera ku bindi Amerika yafatiye mu kwezi guheze abategetsi b’Uburusiya indwi n’ibigo cumi na bibiri vyegukira Reta y’ico gihugu. Ni ibihano bijanye na dosiye y’umunyepolitike atavuga rumwe na Reta, Alexey Navalny, ari mu mvuto inyuma yo gukira ku gihamana ishano yoba yarahawe n’ubutegetsi. Amerika n’ibindi bihugu birimwo ivya Buraya vyemeza ko uwu munyepolitike afunzwe azira ubusa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG