Uko wahagera

Gusezera Lieutenant-Colonel Darius Ikurakure


Gusezera ubwa nyuma Lt. Col. Darius Ikurakure
Gusezera ubwa nyuma Lt. Col. Darius Ikurakure

Misa yo gusezera bwa nyuma Lt. Col. yasomwe na Padiri Coloneli Bonaventure Nzoya. Yasavye intwazangabo kuba ibiraro vy’amahoro.Uwaserukiye umuryango wabuze, Major Pierre Niyonzima, uvukana na Colonel Ikurakure, asaba leta gukora amatohoza yihuta kugira uwishe uwabo n’abamutumye bakubitwe intahe mu gahanga.

Imbere y’uko yitaba Imana, abatavuga rumwe na leta n’amashirahamwe yigenga yagirije kenshi Lieutenant-Colonel Darius Ikurakure ko ari mu ntwazangabo zihohotera agateka ka zina muntu n’inyuruzwa hamwe n’igandagurwa ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Lieutenant-Colonel Darius Ikurakure yishwe arashwe kw’itariki ya 22 ukwezi kwa gatatu uyu mwaka akaba yiciwe mu bigo vy’ibiro bikuru vya gisirikare aho yanafubwe.

Abaye umusirikare w’intwazangabo yo ku rwego rwo hejuru agira kabiri ashinguwe murico kibanza. Uwundi ni Colonel Firmin Sinzoyiheba yahitanywe n’isanganya ry’indege mu mwaka w’i 1997 akaba yari umushikiranganji w’ukwivuna abansi ico gihe.

Lieutenant-Colonel Darius Ikurakure yari yavutse mu mwaka w’i 1972 muri komine bweru, intara ya Ruyigi mu buseruko bw’Uburundi. Intambara igihugu cinjiyemwo mu mwaka w’i 1993 inyuma y’urupfu rwa Perezida Melchior Ndadaye yatumye ataja mu mashure ya kaminuza kuko yinjiye mu mihari yitwaje ibigwanisho igwanya leta agiheza ayisumbuye.

Yinjiye igisirikare c’Uburundi mu kwezi kwa mbere umwaka w’i 2005. Mu nyuma yarakarihije ubwenge gushika nahaja mu mahanga akaba yitavye uwamuremye atwara bataillon yitwa « Génie de combats » yo ku Muzinda mu burengero bw’Uburundi mu ntara ya Bubanza. Asize umupfakazi n’intano zitanu.

Mu birori vyo kumusezera irya nyuma harimwo abategetsi batari bake barimwo icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, umukuru w’inama nshingamateka, umushikiranganji w’ukwivuna abansi n’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare.

Ni inkuru y'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:59 0:00

XS
SM
MD
LG