Urwego rwa gisirikare rujejwe gucungera inkengera y’ibahari mu gihugu ca Libiya rwatangaje ko rwarokoye abantu 290 b’abimukira bariko bagerageza kuja Iburaya baciye mw'ibahari ya Mediterane.
Abagize urwo rwego bavuze ko bagiye gutabara bamaze kuronka amakuru ababwira ko ubwato bari barimwo bwariko buribira. Ubwo bwato butatu ahanini bwari burimwo Abarabu, Abanyafrika hamwe n’Abanyebangladesh.
Abarokowe baciye bashirwa mu minwe ya polisi muri Libiya inyuma yo guhabwa imfashanyo no gusuzumwa n'abaganga.
Igihugu ca Libiya catanguye kuba inzira y’Abanyafrika b’abimukira bashaka kuja mu bihugu vya Bulaya inyuma y'uko Muammar Gadhafi agandaguriwe mu 2011 hagahava hakurikira akajagari k'urutavanako.
Abantu ibihumbi n’ibihumbi baramaze gusiga ubuzima muri izo ngendo za magendu, abatari bake nabo bakaba bari mu mvuto.
Facebook Forum