Uko wahagera

Leta ya Georgia Iratora Abasenateri Bazoyiserukira


Abatuye Reta ya Georgia mu matora y'abazobaserukira
Abatuye Reta ya Georgia mu matora y'abazobaserukira

Amatora y'incuro ya kabiri y'abasenateri bazoserukira Reta ya Georgia muri Congre ya Reta zunze ubumwe za Amerika araba uno musi. Ayo matora niyo azotuma umugambwe uzogenzura inama nkenguzamnateka umenyekana hagati y'umugambwe w'Abarepublikani n'uw'Abademokrate.

Senateri David Perdue, umurepublikani ahanganye n’umudemeokrate Jon Ossoff mu gihe umusenateri w’umurepublikani, Kelly Loeffler ahiganwa n’umupasitori w’umubatista, Raphael Warnock, umudemokrate.

Ivyatohojwe imbere y’umusi w’amatora vyerekana ko abo bakandida b’abademokrate uko ari 2 bari imbere gatoyi y’abarepublikani bahiganwa. Hategerejwe kuba incuro ya kabiri y’amatora kubera ata numwe muri abo bakandida 4 yashoboye gutsinda n’amajwi ahagije mu ncuro ya mbere y’amatora yabaye mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’umwaka uheze w’i 2020.

Vyitezwe ko ibitigiri vy’abitaba amatora y’uno musi ku wa kabiri biba biri hejuru cane. Ni mu gihe abanyagihugu barenga imiliyoni 3 batoye hakiri kare.

Amajwi y’abatoye hakiri kare aza guharurwa uno musi ku wa kabiri co kimwe n’ay’ababa batoye uno musi.

Bivuye ku kugene amajwi azoba yegeranye igihe azoba ariko araharurwa, abakandida bazoba batsinze amatora bashobora kutaza kumenyekana mw’ijoro ry’uno musi ku wa kabiri.

Abategetsi muri Reta ya Georgia bavuga ko ibitigiri binini cane vy’abatoye vyibonekeje vy’umwuhariko mu bice, umudemokrate Joe Biden, prezida yavuye mu matora yo mu kwezi kw’Icumi na rimwe mu mwaka uheze, yaronsemwo intsinzi.

Yamara abarepublikani bavuga ko biteze kuvyifatamwo neza kurushiriza igihe ababashigikiye baza gutora uno musi ku wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG