Uko wahagera

Kuki Isirayeri Izosubiramwo Amatora Ata Mwaka Urahera Batoye?


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benjamin Netanyahu
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benjamin Netanyahu

Uyu musi ku wa kane igihugu ca Isirayeri catanguye kwitegurira amatora, azoba agize kabiri muri uyu mwaka, inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu, anaririwe gutunganya reta y’urunani agaca akura inama nshingamateka.

Mu bintu ata muntu yari gushobora kwibaza ko vyoshitse mu misi iheze, inama nshingamateka, uyu musi mu gitondo yaciye itora n’amajwi 74 ku majwi 45, ingingo yo gusambuka, ica itangaza ko ayandi matora mashasha ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 ry’ukwezi kw’indwi.

Inama nshingamateka ikuwe inyuma y’ikiringo c’ukwezi yari imaze irahiye mu mabanga yayo. Ayandi matora ategekanijwe muri uyu mwaka nyene kandi ivyo n’ubwa mbere bishitse mu gihugu ca Isirayeri kuva gitanguye kubaho.

Ivyashitse mu gihugu ca Isirayeri vyatangaje kandi vyababaje Netanyahu yasa n’uwaronse amajwi akwiye mu matora yabaye mu kwezi guheze. Yamara ntiyashoboye kuronka ibibanza vyinshi mu nama nshingamateka, kuko umunyapolitike bahora bacuditse kuva kera, Avigdor Lieberman, yanse ko abanywanyi biwe binjira mu runani rwa Netanyahu.

Netanyahu yarongoye igihugu ca Isirayeli mu myaka irenga cumi irangiye, muri iki gihe arahanzwe n’iyindi ntambamyi y’ibirego vy’ivyaha vya ruswa yagirijwe bigiye gusubira gushingirwa urubanza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG