Igihugu ca Etiyopiya kizorungika abantu 50.000 gukora muri Emirats Arabes Unis. Iyo nkuru yatangajwe n’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, uno musi ku wa mbere. Ni mu gihe Emirats Arabes Unis iriko irondera kwagura igihagararo cayo mu karere ko mw’ihembe rya Afrika.
Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed avuga ko igihugu ciwe gifise imigambi yo mu gihe kiri hafi y’ukugabanya ubushomeri mu gihugu hamwe n’ugutorera inyishu igitigiri gitera ciyongera c’abantu barondera akazi mu gihugu.
Yatangaje ko umwe mu migambi yo mu gihe co hafi ari ukurungika abakozi bafise ubuhinga mu bihugu vyo mu mahanga. Abiy Ahmed yarondeye kwugurura amasoko y’igihugu ciwe ku mitahe y’abanyamahanga kuva ashitse ku butegetsi mu mwaka uheze.
Yatangake ko hisunzwe amasezerano igihugu ciwe cagiranye na Emirats Arabes Unis abakozi 50.000 bazorungikwa muri ico gihugu mu mwaka w’amafranga w’i 2019/2020. Amenyesha ko ibiganiro biriko biraba ku vyerekeye kurungika muri ico gihugu abakozi ibihumbi 200 mu myaka itatu yimirije.
Abo bakozi bazoronswa akaryo k’ugukarisha ubwenge mu bisata bitandukanye harimwo gutwara imodoka, no mu gisata c’abaforoma. Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya avuga ko ivyo bizotuma imishahara n’ubuhinga bwabo vyiyongera.
Avuga ko igihugu ciwe kizokura inyungu mu bakozi bakiri bato bazoba bafise ubuhinga bakuye mu mahanga.
Facebook Forum