Ishirahamwe ryitaho imbabare Croix Rouge ryatangaje ko abanyekongo amajana n’amajana b’impunzi bajabutse urubibe bakinjira mu gihugu ca Uganda.
Irene Nakasita, umuvugizi w’iryo shirahamwe muri Uganda, uyu musi ku wa gatatu, yatangaje ko izo mpunzi zatanguye gushika inyuma y’aho habereye amatora ku musi wa mungu kandi ko ziguma zishika ari nyinshi.
Uwo muvugizi asigura ko abanyekongo batari bake basubijwe inyuma, inyuma y’aho bankiye abakozi bajejwe amagara y’abantu ku ruhande rwa Uganda kubasuzuma ibimenyetso vy’ingwara ya Ebola.
Ivyo kandi vyatumye abantu bagira amakenga ko ikiza ca Cholera kimaze kwiha inkumbi mu gihugu ca Republika iharanira demokrasi ya Kongo, gishobora gutandukira no muri Uganda.
Reta ya Kongo yaranse gukoresha amatora mu ntara zo mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu zirimwo abanyagihugu bashika ku muliyoni, kubera ikiza ca Cholera cahadutse.
Facebook Forum