Uko wahagera

Ejo

Kuduza Ibiciro vy’Amatara n’Amazi mu Burundi n’Ibintu Bigishobora Kuba


Kuduza Ibiciro vy’Amatara n’Amazi mu Burundi n’Ibintu Bigishobora Kuba
Kuduza Ibiciro vy’Amatara n’Amazi mu Burundi n’Ibintu Bigishobora Kuba

Noel Nkurunziza yamenyesheje ko ingaruka zigaragara mu gihe abantu benshi n’amahinguriro bakoresha amatara n’amazi.

Inyuma yuko ingingo y’ukuduza amatara n’amazi ibaye irahagaritswe, umugambi w’ukuduza ivyo biciro nturahebwa.

Mu kiganiro, Noel Nkurunziza ayoboye ishirahamwe ry’abagura mu Burundi, ABUCO, yahaye Ijwi rya Amerika, yaravuze ku ngaruka iduzwa ry’ivyo biciro vy’amazi n’umuyagankuba bizogira ku banyagihugu muri rusangi.

Noel Nkurunziza yamenyesheje ko izo ngaruka zigaragara mu gihe abantu benshi n’amahinguriro bakoresha amatara n’amazi.

Avuga ko botegerezwa kumenya ubwa mbeere na mbere ukugene ishirahamwe ritanga umuyagankuba n’amazi mu Burundi, REGIDESO ritunganijwe kugira barebe ko ata mafranga ashobora kuba agenda impfagusa, barabe n’uruhara Reta yogira. Avuga ko abantu bakeneye kumenya imvo n’imvano yotuma ibiciro biduzwa.

XS
SM
MD
LG