Uko wahagera

Ku Ncuro ya Kabiri Uburundi Bwankiwe Kwinjira muri SADC


Prezida wa Namibiya Hage Geingob. Hage ni nawe aramutswa SADC
Prezida wa Namibiya Hage Geingob. Hage ni nawe aramutswa SADC

Umuryango w'ibihugu vy'akerere ka Afrika y'amaj'epfo, SADC,wankiye Uburundi kwakirwa nk'umunywanyi mushasha wawo. SADC usigura ko zimwe mu mvo zatumye bwanka kwakira icipfuzo c'Uburundi ari umutekano muke.

Ikinyamakuru New Era co muri Namibiya gitangaza ko Perezida w’ico gihugu, Hage Geingob, yavuze ko “uwo mutekano muke ubereye intambamyi Uburundi watewe n’imvururu zavuye ku matora yo mu 2015 kandi ko ari nayo ntandaro y’itituka ry’agateka ka zina muntu muri ico gihugu”.

Ivyo abivuze inyuma y’umugwi w’abahinga ba SADC warungitswe i Bujumbura gusuzuma uko ibintu bimeze kugira Uburundi bwemererwe canke bwankirwe. Perezida wa Namibiya yongeye ati: “Vyose bifatiye ku ngendo ya demokarasi itaraja mu ngiro muri ico gihugu”.

Uburundi bwankiwe kwinjira muri SADC inyuma y’ingendo zitari nke z’umushikiranganji w’imigenderanire zari zigamije kurondera aboshigikira ico cifuzo.

Perezida Hage Geingob wa Namibiya iramutswa SADC yahanuye Uburundi kwihutira gusubiza ibintu mu nzira ya Demokarasi no kubahiriza agateka ka zina muntu imbere y’uko bwongera gusaba kwinjira muri uwo muryango ugizwe n’ibihugu 16.

Uburundi bwankiwe kwinjira muri SADC ubugira kabiri: Ubwa mbere bwari bwabisavye hari mu 2017. Ico gihe naho nyene SADC yasiguye ko yanse icipfuzo c’Uburundi kubera umutekano muke.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:31 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG