Uko wahagera

Uburundi Buzohava Bwemererwa Kwinjira muri SADC?


Bamwe mu bategetsi ba SADC mw'ifoto y'umuryango yo mu 2015
Bamwe mu bategetsi ba SADC mw'ifoto y'umuryango yo mu 2015

Uburundi bwasubiye gusaba ko bwokwemererwa kwinjira mu muryango w’ibihugu vya Afurika y’amaj’epfo, SADC (South African Development Community). Mu mpera z’umwaka w’2017 uwo muryango wari wanse kwakira ico gihugu kubera imvo z’umutekano muke warangwa mu Burundi.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, Ezechiel Nibigira, yabwiye ikinyamakuru The East African dukesha ino nkuru ko Uburundi bwiteguye kwinjira muri uwo muryango kandi ko bwanahamagaye intumwa za SADC ngo zize kuraba aho bugejeje imyiteguro no kwuzuza ibisabwa kugira bwemererwe.

Uwo mugwi w’abahinga uzoshika i Bujumbura ku murwa mukuru w’ubutunzi mu kwezi kwa 5 hanyuma uheze ushikirize icegeranyo cawo ku nama y’abakuru b’ibihugu vy’ako karere ka SADC kugira abe ari bo bafata ingingo.

Uburundi bwari bwasavye kwinjira muri SADC ku ncuro ya mbere mu 2017 burikumwe na Comores ariko hemererwa Comores gusa. Ibiro bikuru vya SADC mu kwanka vyasiguye ko muri ico gihugu hakiri umutekano muke.

SADC mu vyo isaba abanyamuryango bayo canke abashaka kwinjira muri uwo muryango, harimwo umutekano mu mpande zose kugira abansi b'igihugu kanaka ntibahave babangamira ibihugu bifatanije imbibe, kubahiriza Demokarasi, agateka ka zina muntu n’intwaro ibereye ishingiye kw’iyubahiirzwa ry’amategeko atandukanye.

Mu mashirahamwe adakiranira ivyicaro vya politike basanga izo ngingo zizohava zitorohereza Uburundi. Vital Nshimirimana atwara urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yasiguriye Ijwi ry’Amerika ko tumwe mu turorero twerekana ko bitazokoroha ko Uburundi buja muri SADC ari nk’umubano mubi ico gihugu gifaniye n'ababanyi baco ba EAC.

Uburundi bukaramuka bwemerewe kwinjira mu murynago u muryango w’ibihugu vya Afurika y’amaj’epfo, SADC, kizoba kigize igihugu ca 17 kibarizwa muri SADC.

Inkuru yategwuwe n’umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:15 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG