Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yishe Umutegetsi mu vy'Ibiyaga muri Koreya y'Epfo


Bamwe mu basirikare ba Koreya ya Ruguru
Bamwe mu basirikare ba Koreya ya Ruguru

Koreya ya Ruguru yarashe yongera iturira ikiziga c’umutegetsi yakorera ubushikiranganji buraba ivy’ibiyaga n’uburovyi muri Koreya y'Epfo. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Koreya y’Epfo bwatangaje ano makuru buvuga ko uwo mugabo w’imyaka 47, imbere yo kwicwa arashwe n’abasirikare ba Koreya ya Ruguru, babanje kumuhata ibibazo, mu nyuma baturiza peterori ikiziga ciwe.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru I Seoul, Jenerali Ahn Young-ho, wo mu biro bikuru vya gisrikare, yateye ivyatsi iyicwa ry’uyo mutegetsi, aryita igikorwa c’ubunyamaswa, yongera asaba Koreya ya Ruguru kwisigura igahana ababikoze. Ntaco Koreya ya Ruguru kugera ino saha iravuga kuri ivyo vyagiriji.

Nkuko Bill Gallo, umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Seoul avyumvikanisha mu nkuru yiwe, iyicwa ry’uwo mugabo rishobora kuba iyindi mbarutso y’icuka kibi hagati ya Koreya zompi.

Uretse ko mu bihe bisanzwe ukujabuka imipaka ya Koreya zose rimwe na rimwe bisa nk’ukwiheba, muri kino gihe isi yugarijwe n’ikiza ca Virusi ya Corona, igisirikare c’Amerika muri Koreya ya Ruguru kivuga ko ico gihugu cashizeho amategeko yo kurasa uwo ari wese yihenze akagerageza kwinjira ku butaka bwaco mu ntumbero yo kurinda ubwandu bw’uwo mugera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG