Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yagabanije Akariro kuri Koreya y'Epfo


Koreya ya Ruguru yatangaje uno munsi ku wa gatatu ko ihagaritse ibikorwa vyayo vya gisirikare yari itegekanya gukora muri Koreya y’Epfo.

Ivyo bikorwa vyari bigamije kuzokorwa mu ntumbero yo kwigarurira uruganda runini rw’ubudandaji rwitwaKaesong, n’ikibanza cubatswemwo amahoteri agezweho kizwi kw’izina ry’ "Umusozi wa Diyama.”

Ivyo bibanza vyose vyubakishijwe amafaranga ya Koreya y'Epfo ku ba bwa Koreya ya Ruguru, ariko imbere yuko vyugarwa bitewe n’icuka kibi kiri hagati ya Koreya Zompi, ivyo bihugu vyose vyarahakorera.

Mu ndwi iheze koreya ya Ruguru itangaza ivy’uwo mugambi, Iy’Epfo yari yayigabishije ko yo kwimba yigera ku ngaruka zizoyibako inyuma y’ivyo bikorwa. Mu kugabisha ico gihugu cavuze ko igisirikare caco citeguye bihagije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG