Uko wahagera

Kongo: Umusirikare Aborewe Yishe 12 Abamijaguramwo Amasasu


Ifoto irimwo bamwe mu basirikare ba Kongo. (Ino foto ni ngereranyo, uwakoze iryo bara ntarimwo )
Ifoto irimwo bamwe mu basirikare ba Kongo. (Ino foto ni ngereranyo, uwakoze iryo bara ntarimwo )

Abantu 12 baraye bahitanywe n'amasasu y’umusirikare yari ahimvye urukanywa muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo. Iryo bara ryagwiriye mu ntara ya Kivu y'ubuseruko bwa Kongo.

Mu bahitanywe n’ayo masasu harimwo akana k’imyaka ibiri. Abategetsi b’akarere vyabereyemwo bemeje ano makuru bavuga ko abagera kuri icenda bakomerekejwe n’ayo masasu. Hari ariko uruhande ruvuga ko abo uwo musirikare yahitanye barenga 12.

Abanyagihugu biriwe mu myiyerekano biyamiriza imyitwarire idashemeye y’abasirikare ba Kongo. Umwe mu bari bayirimwo yagize ati: “Ni umusirikare wo muri batayo y’122, yagenda ararasa uwo bahuye wese, ubwanje niharuriye n’imiburiburi abagera kuri 20 yarashe, yari aborewe ni impamo." Imyidondoro yiwe canke ipete afise mu vya gisirikare ntivyashizwe ahabona.

Amakuru ya nyuma atangazwa avuga ko atawuzi irengereo ry’uwo musirikare, yakomeje kwiha ibarabara yiruka inyuma yo gukora iryo bara mu bucagucagu bw’uno wa gatanu

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG