Uko wahagera

Kongo: Abagera kuri 18 Baraguye mu Mirwano ya ADF


Ahaherereye akarere ka Beni
Ahaherereye akarere ka Beni

Radiyo Okapi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo itangaza ko abantu 18 bapfuye mu bitero vy’abikekwa ko ari abarwanya ubutegetsi bwa Uganda, Allied Democratic Forces, ADF, mu mpunyapfunyo. Ivyo bitero vyabereye mu gisagara ca Beni kiri mu buseruko bw’igihugu. Ivyo ni mu gihe ako karere kabandanya kugeramirwa n’ikiza ca Ebola.

Radiyo Okapi, ishigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yatangaje ku musi w’Imana kw’abasivile 14 n’abasirikare 4 bishwe mu bitero vyabaye ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije mu karere ka Beni.

Abarwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Uganda bo mu murwi ADF, bateye ikirindiro c’igisirikare ca Reta muri ako karere. Radiyo Okapi ivuga kandi ibibanza vy’ukudandarizamwo mw’isoko yo muri ako karere vyasahuwe n’abikekwa ko ari abarwanyi b’umurwi ADF.

Ibitero nk'ivyo birabangamira utwigoro tw’ukurwanya ikiza ca Ebola. Abantu 118 baranduye Ebola, 69 bakaba bamaze guhitanwa n’ico kiza.

Abantu barenga 10.000 baramaze gukingirwa Ebola muri Kongo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG