Igisata c'ingenzi muri Kenya catanguye gusubira kunaguka inyuma y'uko kizamye mu bihe vy’ikiza ca Covid-19. Reta yatangaje uno musi ku wa gatatu ko ico gisata kiriko kirogorora bivuye cane cane ku ngenzi z’Abanyakenya ziriko zihabonera akaryo kubera ibiciro biri hasi cane. Yamara ibitigiri vy’ingenzi z’abanyamahanga biracari hasi cane umuntu abigereranije n’ivy’imbere y’ikiza ca Covid-19.
Kenya yiteze ko igisata c’ingenzi, kimwe mu bisata bizana amafranga y’agaciro, kizokwinjiza imiliyaridi 173 y’amashilingi. Ni ukuvuga umuliyaridid n’imiliyoni amajana atanu y’amadolari y’Abanyamerika muri uyu mwaka. Ayo mafaranga azoba yiyongeye ku rugero rwa 18.5 kw’ijana umuntu abigereranije no mu mwaka uheze.
Umuyobozi nshingwabikorwa w’imfatakibanza w’ikigo ca reta kijejwe ubushakashatsi ku bijanye n’ingenzi, George Gitonga, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ko gusubira kunaguka kw’igisata c’ingenzi gusa n’ukwatanguye gusubira kwibonekeza. Hari inyuma y’uko ivyo biharuro bishikirijwe.
Abategetsi batangaza ko igisata c’ingenzi muri Kenya cinjije imiliyaridi 88 n’imiliyoni 600 gusa y’amashillingi mu mwaka w’i 2020. Hari mu gihe amareta y’ibihugu vyo kw’isi yari yabujije uruja n’uruza rw’abantu, harimwo kwugara inzira zo mu kirere mu ntumbero yo guhagarika ikwiragira ry’ikiza ca Covid-19.
Yamara umushikiranganji ajejwe ivyerekeye ingenzi muri Kenya atangaza ko ayo mafranga yiyongeye gushika ku miliyaridi 146 y’amashilingi mu mwaka urangiye w’i 2021. (Reuters)
Facebook Forum