Uko wahagera

Kenya: Abapolisi Bane Barishwe n'Abakekwa Kuba Al Shabbab


Umuporisi wo muri Kenya ahagaze ahari hahejeje kuba igitero c'abitwaje ibirwanisho, muri komine ya Lamu, kw'itariki ya 02/01/2020
Umuporisi wo muri Kenya ahagaze ahari hahejeje kuba igitero c'abitwaje ibirwanisho, muri komine ya Lamu, kw'itariki ya 02/01/2020

Abapolisi bane barapfuye ejo ku wa Kabiri mu majyaruguru y’uburasirazuba bwa Kenya. Imodoka barimo yakandagiye igisasu, kirayiturikana. Polisi ikeka ko cyatezwe n’abo mu mutwe wa al Shabbab ukorana na al Qaida.

Iyo modoka ya polisi yari iherekeje bisi zitwara abagenzi hagati y’imijyi ya Banisa na Mandera. Byatumye irindi tsinda ry’umutekano rituruka i Banisa riza gutabara.

Polisi yo kuri sitasiyo ya Mandera, muri raporo yayo mw’ijoro ry’ejo kuwa kabiri, yavuze ko “bakigera aho igisasu cyaturikiye, bagabweho igitero n’abakekwaho kuba abo mu mutwe wa al Shabaab. Abapolisi babashije kubasubiza inyuma kandi batabaye babiri bari bakomeretse, banahakura imirambo.”

Al Shabaab imaze imyaka irenga icumi igerageza gukuraho guverinema ya Somaliya. Imaze imyaka kandi igaba ibitero no muri Kenya, ishyira igitutu kuri iki gihugu ngo kivane abasirikare bacyo mu ngabo z’amahoro zishyigikiye guverinema ya Somaliya.

Mu byumweru bibiri bishize, ibitero bifitanye isano na al Shabaab byahitanye abantu 10, nk’uko raporo za polisi ya Kenya zibivuga. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG