Uko wahagera

Kenya: Abagera kuri 13 Bahitanywe n'Umucanwa wo mw'Ikamyo y'Ibitoro


Ikamyo yahiye
Ikamyo yahiye

Polisi ya Kenya itangaza ko abantu bagera kuri 13 baraye bahitanywe n’umuriro watewe n’ikamyo yari itwaye igitoro mu burengo bw’ico gihugu. Abatari bake barimwo abihutiye gushaka kuvoma igitero iyo kamyo igitembagara bakomeretse nkuko polisi ibivuga.

Itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, Ijwi ry’Amerika rikesha ino nkuru rivuga ko iyo kamyo yahenutse ku mugoroba w’ejo ku wa gatandatu umudereva wayo ariko agerageza guhunga iyindi kamyo yagira igongane nayo mw’ibarabara ricamwo imiduga myishi hagati ya Kisumu n’umupaka ico gihugu gihana na Uganda.

Mu ndembe ziriko zivurirwa mu bitaro bitandukanye harimwo abana. Icatumye haduka umucanwa inyuma y’itembagara ry’ico gikamyo ntikiramenyekana.Impanuka nk’izi zirakunze gushika muri Kenya: Mu 2009, abagera ku 100 bahitanywe n’iy'ishusha nk’iyi I Nairobi ku murwa mukuru w'ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG