Uko wahagera

Kenya: Abagera ku 51 Bahitanywe n'Isanganya y'Umuduga


Ahabereye isanganya mu karere ka Kericho mu burengerazuba bwa Kenya
Ahabereye isanganya mu karere ka Kericho mu burengerazuba bwa Kenya

Abantu bagera kuri 51 muri Kenya baguye mw’isanganya y’imodoka yabereye mu karere kitwa Kericho kari mu burengero bw’igihugu mu gatondo k’uno wa gatatu.

Joseph Boinnet aramutswa polisi ya Kenya yabwiye ibinyamakuru bikorera muri ico gihugu ko iyo modoka yariko iva ku murwa mukuru Nairobi ija ahitwa Kakamega. Ni ku birometero 300 uvuye i Nairobi.

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gutabara imbabare, Croix rouge, ryavuze ko igisenge c’iyo modoka cose cavuyeko. Icateye iryo sanganya kugera ubu ntikiramenyekana. Binuganugwa ko iyo modoka yunguruza abantu yoba yari itwaye aboba bagera ku 52.

Abategetsi ba Kenya bemeza ko abantu bagera ku 3000 ari bo bahitanwa n’amasanganya y’amamodoka uko umwaka utashe. Ni mu gihe ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu, OMS, ryo ritangaza ko abahitanwa n’amasanganya muri Kenya ku mwaka bagera ku bihumbi 12.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG