Uko wahagera

Ibitaro vya Kumba Vyaraturiwe n'Abarwanya Reta ya Kameruni


Ibitaro vyo mu karere ya Kumba muri Kameruni. Itariki 12/02/2019.
Ibitaro vyo mu karere ya Kumba muri Kameruni. Itariki 12/02/2019.

Abantu bitwaje ibirwanisho baraturiye ibitaro basiga inyubakwa nka zose zavyo ari umunyota mu gisagara ca Kumba mu bumanuko bushira uburengero bwa Kameruni muri iyi ndwi, bituma abarwayi hamwe n’ababikoramwo bahunga kugira bakize amagara yabo.

Reta ya Kameruini yegeka ico gitero ku barwanyi bo mu ntara zivuga icongereza bashaka kwiyonkora ku gihugu ngo bikukire.

Reta ya Kameruni ivuga ko abarwanyi bashika 20 bitwaje inkoho ari bo bateye bongera baraturira ivyo bitaro mu gaturuturu ko ku musi wa mbere. Reta isigura kandi ko abantu bane, barimwo abarwayi babiri bishwe.

Ibimenyeshamakuru wo muri ico gihugu bishikiriza ko abo barwanyi biyonkoye ku gihugu boba bashavujwe n’uko ivyo bitaro vyavura abasirikare ba reta bakomerekera ku rugamba.

Ugucanamwo hagati y’abenegihugu kwatanguye muri Kameruni kwatanguye mu kwezi kwa cumi na kumwe 2016 igihe abigisha bavuga icongereza hamwe n’abashingwamanza bagiye mu mabarabara biyamiriza ukuganza kw’ururimi rw’igifaransa mu zikoreshwa na reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG