Uko wahagera

Kameruni: Abarenga 15 Bahitanywe n'Umuriro Wadutse mu Nzu y'Ubutambiro


Inzu yahiye
Inzu yahiye

Umuriro wadutse mu nyubakwa yo gutambiramwo (boite de nuit) muri Kameruni wahitanye abantu 17. Iryo sanganya ribaye mu gihe ico gihugu cakiriye abantu ibihumbi n’ibihumbi, muri bo hakaba harimwo abakinyi b’umupira w’amaguru, abarorezi, n’abategetsi bava mu bihugu bitandukanye vy’umugabane wa Afrika. Bariko kakurikirana ihiganirwa ry’igikombe m’urukino rw’umupira w’amaguri hagati y’ibihugu vya Afrika. Ntibiramenyekana icatumye uwo muriro waduka muri iyo nyubakwa yitwa Liv’s Nightclub Yaouba mu kigwati ca Bastos ku mugwa mukuru w’ico gihugu.

Abakozi baho bari bavuze ko uwo muriro watewe n’intsinga z’umuyagankuba. Yamara, urwandiko rwashizwe ahabona na reta ejo ku musi wa mungu ruvuga ko watewe n’ibikoresho vyo kwinezereza vyaka umuriro (feux d’artifice) vyakirijwe kw’isonga ry’iyo nyubakwa bica bidomeka ahantu hari umwuka wa gaze zikoreshwa mu guteka impfungurwa zibikwa.

Umuvugizi wa reta avuga ko ivyo bikoresho vyaka umuriro, vyama bikoreshwa mu bibanza vyo kwinezereza, kandi ko ari navyo vyaturiye iyo nyubakwa bikanatuma haturagurikamwo ibintu.

Uwo muvugizi avuga ko bakiriko baragerageza kumenya abaguye muri iryo sanganya kimwe n’abahakomerekeye ibihugu baturukamwo. Avuga kandi ko abantu 8 batwawe kubitaro vy’i Yaounde ariko umwe muri bo ahava aracikana. Abandi 7 bariyo kuva ejo kuwa mungu kandi amagara yabo arageramiwe. Mw’itangazo ryashikirijwe n’umukuru w’igihugu Paul Biya, yasavye abantu gutekana yongera yizeza abakinyi n’abarorezi babo umutekano ukwiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG