Perezida Jacques Chirac yayoboye Ubufaransa kuva mu 1995 kugera mu 2007 yitavye Imana ku myaka 86.
Umukwe wiwe Frédéric Salat-Baroux yatangaje aya makuru ubwa mbere yavuze ko uwabo yashengeye mu mahoro ntangere akikujwe n’abiwe.
Umuryango wa nyakwigendera ntiwatomoye icamuhitanye. Gusa, mu myaka iheze Perezida Chirac yaragize ibibazo vy’amahaha aho yagiye mu bitaro akatari gake. Hambavu kandi y’ikibazo c’imitsi yo mu bwonko yagize, bivugwa ko yoba yari anafise n’idwara yo kwibagira, Alzheimer.
Bamwe mu bategetsi b’isi barimwo abo ku mugabane wa Bulaya, nka François Hollande yahoze arongoye Ubufaransa bavuze ko Ubufaransa bubuze umunyepolitike w’ijambo.
Umukuru w’akanama k’umuryango w’Ubumwe bwa Bulaya, Jean-Claude Juncker mu majambo yiwe nawe yumvikanishije ko “Iragi rya Jacques Chirac ritazigera rizimangana.”
Biteganijwe ko igihe c’isaha zibiri ku masaha yo mu Burundi no mu Rwanda Perezida w’ubufaransa Emmanuel Macron aza gushikiriza ijambo Abafaransa. Abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka y’ico gihugu bo baza bamaze kunamira nyakwigendera.
Bimwe mu vyo Chirac yibukirwako ni ukuba yaragabanije ibiringo vy’umukuru w’igihugu mu bufaransa bivanwa ku myaka indwi bijanwa kuri itanu akongera akinjiza Ubufaransa mu buryo bwo gukoresha amafaranga y’ama Euros.
Chirac yamenyekanye kandi nk’umuperezida yakunda Afurika. Vy’umwihariko yarabaye soma mbike wa Denis Sassou Nguesso yahoze ari Perezida wa Congo, Omar Bongo yahoze ari Perezida wa Gabon na Blaise Compaore wa Burkina Faso.
Umuhisi Chirac aribukwa kandi nk’umutegetsi wa mbere w’Ubufaransa yemanze uruhara igihugu ciwe cagize muri jenoside yakorewe miliyoni z’abari bagwiriyemwo Abayahudi baba muri Pologne mu 1939 yongera anabisabira ikigongwe.
Ku mugabane wa Amerika ico yibukirwako ni ukuba yaranse kwivanga mu ntambara ya Amerika muri Iraki mu 2003.
Mu myaka ya nyuma yiwe y’ubutegetsi Perezida Jacques Chirac yayoboye Ubufaransa kuva mu 1995 kugera mu 2007 ntiyorohewe kubera dosiye y’ibiturire no kunyuruza amatungo ya Reta vyamwegekwako.
Facebook Forum