Uko wahagera

Jacob Zuma Wari Prezida w'Afurika y'Epfo Ari muri Gereza ya Estcourt


Jacob Zuma apfunzwe n'igipolisi co muri Afrika y'epfo ashobora kuzorekurwa mu mezi 4 nk’uko bitangazwa n'umushikiranganji ajejwe ubutungane. Zuma ari mu munyororo kuva ku musi wa gatatu mw’ijoro aho yatanguye igihano c’ugupfungwa amezi 15 kubera yihojeje itegeko ry’umucamanza ry’ukurenguka imbere y’urwego rujejwe amatohoza kuri ruswa akwirikiranwako igihe yari ku butegetsi kuva mu mwaka w’i 2009 gushika mu mwaka w’i 2018. Ni we yishikanye ku biro vy’ igipolisi mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu.

Zuma azopfungirwa mu kibanza ca wenyene mu kiringo c’imisi 14 hisunzwe ingingo zerekeye ikiza ca Covid-19, nk’uko vyatangajwe uno musi ku wa kane n’umushikiranganji ajejwe ubutungane, Ronald Lamola. Yavuze ko iki atari igihe co kugira imisi mikuru, ngo ni igihe co kwifata no kwerekana umutima runtu. Yemeye ko bazofata Zuma nk’abandi banyororo abo ari bo bose.

Zuma yakiwe mw’ibohero ryitwa, “Estcourt Correctional Center”, hafi y’ibirometero 175 umuntu avuye i muhira iwe mu ntara ya Kwazulu-Natal iri mu buseruko bw’igihugu. Kuba abategetsi bashoboye kumuta mu mvuto vyabonywe nk’igipimo gikomeye c’iyubahirizwa ry’amategeko muri Afrika y’epfo y’inyuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG