Uko wahagera

Iyindi Myiyerekano y'Abatavuga Rumwe na Reta muri Biyerorusiya


Abatavuga rumwe na reta ya Biyerorusiya, basavye ko haba imyiyerekano mu gihugu cose. Abatavuga rumwe na reta bateye akamo k’iyo myiyerekano uno musi ku wa mbere. Ni mu ntumbero y’ugutuma Prezida Alexander Lukashenko ava ku butegetsi inyuma y’amatora yabaye mu kwezi kw’umunani bavuga ko yibwe.

Svetlana Tikhanovskaya, yahiganywe bikomeye na Lukashenko, yahunze igihugu muri iki gihe, yagabishije imyiyerekano mu gihugu cose haheze indwi 2 mu kigoro k’ugusubira guha inguvu umuhari w’abagira imyiyerekano.

Asaba ko Lukashenko atanga imihoro, ahagarika inguvu z’umurengera zikoreshwa n’abajejwe umutekano ku bari mu myiyerekano, n’ukurekura abantu amajana n’amajana bapfunzwe ku mpamvu za politike ngo canke abanyagihugu bahagarike akazi mu gihugu cose. Yamara Lukashenko yaranse gutanga imihoho, asigura ko yatsinze amatora n’ibice 80 kw’ijana vy’amajwi.

Uno musi ku wa mbere, ikinyamakuru cigenga gikorera kuri internet, Tut, cerekanye amasanamu y’abakozi bariko bagararije akazi mu mahinguriro akomeye atari make mu gihugu. Umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere yavuze ko amahinguriro akomeye mu gihugu yabandanije gukora nkuko bisanzwe.

Ku ruhande rwiwe, Svetlana Tikhanovskaya avuga ko ivyo ari ibinyoma reta iriko ishikiriza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG