Uko wahagera

Umukobwa wa Trump Yagirizwa Gukoresha Nabi Ubutunzi bwa Reta


Ivanka Trump
Ivanka Trump

Umushingwamanza mukuru mu gisagara ca Washington, DC  Karl Racine, yemeje ko Ivanka yatanguye guhatwa ibibazo bijanye n'ino dosiye ku wa kabiri w'ino ndwi. 

Ivanka Trump, umukobwa akaba n'umuhanuzi wa Perezida Donald Trump yagirizwa gukoresha nabi amafaranga yari agenewe bimwe mu birori bijanye no kurahiza se wiwe nka Perezida w'Amerika.

Umushingwamanza mukuru mu mujyi wa Washington, DC Karl Racine, yemeje ko Ivanka yatanguye guhatwa ibibazo bijanye n'ino dosiye ku wa kabiri w'ino ndwi abanje kurahira no kwemeza ko amakuru yose aza gutanga ari ukuri. Uwo mushingwamanza tumwe mu turorero n'ivyagirije atanga, harimwo amahera yatanzwe vyitwa ko ari ay’ibirori vyakurikiye ukurahira kwa Perezida Trump mu 2017, ariko aja "mu mufuko w’umuryango wa Trump".

Nko ku mugoroba w'igenekerezo rya 20 ukwezi kwa mbere mu 2017 Trump arahira, Karl Racine yemeza ko fagitire yo kwivuna akanyota hagati y'abana bakuru batatu ba Trump yagagamishijwe. Iyo fagitire y’ukwivuna umusase hagati y’abana biwe batatu ari bo Donald Junior, Ivanka na Eric kwabereye kw’ihoteri ya Trump yitwa Trump International Hotel iri Washington, irenga amadorali ibihumbi amajana atatu nkuko uwo mushingwamanza abandanya abisigura.

Muri rusangi amafaranga ibiro vy’uwo mushingwamanza bishaka kugaruza vyemeza ko yakoreshejwe nabi ni umuriyoni w’amadorali. Umuvugizi mu biro vya perezida Donald Trump abamenyeshamakuru babajije ivy’ino dosiye yirinze kugira ico avuga, mu gihe umurwi wateguye ivy’ibirori vyo kurahira kwa Trump wemanga ko amafaranga yose yakoreshejwe mu muco kandi ata sesagura canke inyuruzwa ry’uruceri na rumwe ryabayeho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG