Umukozi akorera ishirahamwe ry'abagiraneza yishwe ahitanywe n'urusasu rwari rwataye inzira mu ntara ya Tigreya. Ni mu gihe abagiraneza bariko baratotezwa muri iyo ntara. Uwo mukozi w’umunyetiyopiya yitwa, Negasi Kidane, akorera ishirahamwe ry’abagiraneza ry’abataliyano, yishwe ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye.
Kidane, ava mu gisagara ca Adigrat, yakorera iryo shirahamwe kuva mu mwaka w’i 2016. Ni umugiraneza agira uw’icenda yiciwe mu ntara ya Tigreya kuva ingwano ihadutse haraheze hafi y’amezi indwi. Ivyerekeye uwarashe urusasi rwahitanye Kidane ntibitomoye.
Reta ya Etiyopiya yatangaje ko yarekuriye abagiraneza gukorera mu bice vyose vy’intara ya Tigreya ata ntambamyi. Yamara amashirahamwe y’abagiraneza avuga ko yasubijwe inyuma ku ma bariyere y’igisirikare, yongera arankirwa gushika mu bice bimwe bimwe. Mu bice ayo mashirahamwe yashoboye gushikamwo, ibintu bimeze nabi cane.
Abategetsi ba Reta Zunze ubumwe za Amerika bagirije impande zitana mu mitwe ko zitoteza n’impaka abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza. Samantha Power ayoboye ikigo ca Amerika kijejwe iterambere mu makungu, USAID, yatangaje mu ndwi iheze ko umunyetiyopiya akorera ico kigo yishwe mu ntara ya Tigreya, mu bivurwa ko yishwe n’inteko za Eritreya n’iza Etiyopiya.
Facebook Forum