Uko wahagera

Isosiyete, “Volcanoes Transport Company” Itwara Abantu Ku Masaha Mu Rwanda


Olivier Nizeyimana avuga ko kubwira abantu kwubahiriza umwanya ari ikintu gihambaye cane

Kenshi abantu mu karere ka Afrika ntibubahiriza umwanya. Mu Rwanda, Olivier Nizeyimana yarahinduye iyo nyifato ku vyerekeye Sosiyete yiwe y’amabus atwara abantu, “Volcanoes Transport Company”.

Olivier Nizeyimana avuga ko kubwira abantu ko kwubahiriza umwanya ari ikintu gihambaye cane bitari vyoroshe mu myaka itanu ya mbere.

Yamara avuga kw’aba Clients biwe baruhiye guhindura ukugene babona umwanya, batangura gushika ku gihe mu gufata ama bus ya Sosiyete yiwe.

Nizeyimana avuga ko yatanguye afise abakozi bane gusa yamara muri iki gihe afise abakozi amajana abiri na mirongo itanu.

Ku bindi, dutege amatwi, Olivier Nizeyimana:

XS
SM
MD
LG