Uko wahagera

Isirayeli na Sudani Biritegura Gusinya Amasezerano y'Imigenderanire


Abigaragambya muri Sudani batwika ibendera rya Isirayeli

Ibirori vyo gutera igikumu ku masezerano ku migenderanire hagati ya Isirayeli na Sudani bizobera i Washington mu mezi atatu ari imbere.

Iyo nkuru yatangajwe n’umushikiranganji ajejwe iperereza wa Isirayeli, Eli Cohen, uno musi ku wa gatatu. Ntaco abategetsi ba Sudani canke abo mu buserukizi bwa Amerika muri Israyeli babivuzeko buno nyene.

Reta y’igisivile ya Sudani yatangaje ko amasezerano y’imigenderanire na Isirayeli azoja mu ngiro igihe azoba yemejwe n’urwego nshingamateka rwo mu gihe c’imfatakibanza rw’ico gihugu. Yamara urwo rwego ntirurashirwaho.

Sudani yifatanije mu mwaka uheze na Emira zunze ubumwe z’abarabu, Bahrain na Maroke mu gutera igikumu ku masezerano y imigenderanire na Isirayeli yahagarikiwe na Reta zunze ubumwe za Amerika. Reta nshasha ya Prezida Joe Biden yatangaje ko ishaka kwubakira kuri ayo masezerano.

Umushikiranganji ajejwe iperereza wa Israyeli, Eli Cohen ni we yari arongoye umurwi w’abaserukira ico gihugu mu rugendo muri Sudani ku musi wa mbere. Yabwiye televiziyo Ynet ko baganiye n’abategetsi ba Sudani imigambi yerekeye iterambere n’umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG