Uko wahagera

Isirayeli Irashaka Umubano n'Ibihugu by'Abayisilamu


Jared Kushner, umujyanama wa perezida w'Amerika (iburyo) ageze ahateguriwe ikiganiro kigenewe abanyamakuru i Rabat muri Maroke ku wa kabiri taliki 22-12-2020 ubwo intumwa za Isirayeli zari muri Maroke gutsura umubano w'ibihugu byombi.
Jared Kushner, umujyanama wa perezida w'Amerika (iburyo) ageze ahateguriwe ikiganiro kigenewe abanyamakuru i Rabat muri Maroke ku wa kabiri taliki 22-12-2020 ubwo intumwa za Isirayeli zari muri Maroke gutsura umubano w'ibihugu byombi.

Reta ya Prezida Trump yarahagarikiye amasezerano y’imigenderanire  hagati ya Isirayeli n’ibihugu vya Emira zunze ubumwe z’abarabu, Bahrain, Sudani na Maroke uyu mwaka.

Isirayeli yizeye ko izogirana imigenderanire n'igihugu kigira 5 c'abayislamu imbere y’uko perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump arangiza amabanga yiwe

Ico gihugu kigira gatanu gishobora kuba ari ico muri Aziya. Iyo nkuru yatangajwe uno musi ku wa gatatu n’umushikirangaji wa Isirayeli ajejwe imigenderanire n’ugufashanya mu karere ko mu buseruko bwo hagati y’isi, Ofir Akunis.

Reta ya Perezida Trump yarahagarikiye amasezerano y’imigenderanire hagati ya Isirayeli n’ibihugu vya Emira zunze ubumwe z’abarabu, Bahrain, Sudani na Maroke uyu mwaka. Igihugu ca Maroke carakiye intumwa ziserukira Isirayeli na Amerika ku musi wa kabiri.

Abajijwe niba igihugu kigira 5 gishobora gutera igikumu ku masezerano y’imigenderanire n’igihugu ciwe imbere y’uko Perezida Trump arangiza amabanga, Ofir Akunis yabwiye televiziyo yo muri Isirayeli, Ynet TV, ko bariko bakora muri iyo nzira.

Abategetsi ba Reta ya Israyeli bavuga ko bariko bakora ibishobotse vyose kugira ngo ibindi bihugu biyemere, canke bikomeze imigenderanire vyari bifitaniye naco.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG