Uko wahagera

Isibaniro Hagati y'Ingabo za Leta ya Etiyopiya n'iz'Intara ya Tigre


Inteko zo mu ntara ya Tigray zatangaje uno musi ko zishe abasirikare batari bake ba Reta ya Etiyopiya mu ngwano imaze indwi 3 ibera muri iyo ntara.Yamara inteko za Reta zabihakanye.

Izo nteko za reta zamenyesheje ko abasirikare batari bake bo mu ntara ya Tigray bariko bishikiriza hisunzwe ikiringo ntarengwako c’amasaha 72 Reta yatanze imbere yuko haba igitero ku murwa mukuru w’iyo ntara, Mekelle.

Inteko za Reta ya Etiyopiya zatanguye ibitero kuri Reta y’intara ya Tigray kw’italiki 4 z’uku kwezi kw’icumi na rimwe zimenyesha ko ziriko zitera zegereza umurwa mukuru w’iyo ntara, mu gitero ca nyuma c’ugutsinda uruganba.

Yamara abategetsi b’intara ya Tigray bavuga ko bariko bivuna bikomeye inteko za reta kandi ko bamaze gutahira intsinzi zikomeye.

Umuvugizi w’igisirikare co mu ntara ya Tigray, Gatechew Reda, yatangaje ko bishe igitigiri kinini c’inteko za reta mu rugamba rwabereye mu gice citwa Raya-Wahirat.

Muri ico gihe ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryerekanye impungenge zikomeye uno musi ku wa kabiri ku bitigiri vy’abasirikare ba reta batera barungikwa mu micungararo y’igisagara ca Mekelle.

Michelle Bachelet, umutegetsi mukuru ajejwe ivy’agateka ka muntu mw’ishirahamwe ONU yasavye impande zose gutegeka abasirikare bazo kutageramira abasivile hisunzwe amategeko mapuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG