Uko wahagera

Ishure Kaminuza Ryo Mu Rwanda Ritang’ Inyigisho Ku Vyerekeye Kwitaho Ingenzi


Ishure Kaminuza Ryo Mu Rwanda Ritang’ Inyigisho Ku Vyerekeye Kwitaho Ingenzi
Ishure Kaminuza Ryo Mu Rwanda Ritang’ Inyigisho Ku Vyerekeye Kwitaho Ingenzi

Ishure kaminuza Rwanda Tourism University College niryo shure ryonyene ritanga inyigisho zijanye no kwakira no gutembereza ingenzi mu karere k’ ibiyaga binini. Iryo shure ryatanguye mu mwaka w’ ibihumbi bibiri na gatandatu rifise icicaro mu Rwanda, ubu rikaba rimaze gusohora abanyeshure bashika ku majan’ atanu kuva aho ritanguriye. Umuyobozi mukuru w’ iryo shure, umushingantahe Callixte Kabera avuga ko iryso shure ryahinduye cane rwose ukuntu abantu bakora mu vyerekeye kwakira ingenzi barangura imirimo yabo. Ati abo bakozi ubu barafase aho bashobora kuja gukarishiriza ubwenge kugira ngo bashobore gukora neza akazi kabo kurushiriza. Umushingantahe Kabera yavuze kandi ko iryo shure ryakira abanyeshure bava mu bihugu vyose vyo mu karere k’ ibiyaga binini, kandi ko bose bariha amafaranga angana n’ ayo abanyeshure b’ abanyarwanda bariha

XS
SM
MD
LG